Bosco Ntaganda aronderwa na sentare mpuzamakungu ariko aha ikiganiro Reuters, i Goma, mu gihugu ca Congo.
Iyo nkuru yaremejwe n’abategetsi bo muri departement ya reta ya amerika.
Inyuma y’aho Hatangarijwe amakuru avuga ko Bosco Ntaganda, yar’arongoye umurwi urwanya ubutegetsi mu buseruko bw’igihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi, yahungiye mu gihugu c’Urwanda, umutegetsi wo muri reta y’Urwanda, yavuze kw’ubutungane aribwo buzokwisungwa, mu gihe uyo mugabo yahora arwanya ubutegetsi, yofatwa.
Ku musi wa mbere rero niho hatangazwa amakuru avuga ko Bosco Ntaganda, yishikanye imbere y’abategetsi baserukira reta zunze ubumwe za amerika I Kigali Mu Rwanda.