Umusirikare w’Umufransa Yarishwe mu ngwano mu Gihugu ca Mali

  • VOA Africa

Abasirikare b'igihugu ca Mali bari mw'wikamyo hafi y'indege ya kajugujugu Puma y'igihugu c'Ubufransa

Igihugu c’Ubufransa, catangaje kw'umwe mu basirikare baco yishwe, mu ngwano, mu buraruko bw’igihugu ca Mali.

Abategetsi b’igisirikare c’Ubufransa, bamenyesheje, mw’itangazo, ejo ku musi w’Imana, kw’uwo musirikare yishwe, ejo ku musi w’Imana, mw’ijoro, mu gitero cagizwe, ku barwanyi, mu mitumba ya Adrar des Ifoghas, mu buraruko bw’igihugu ca Mali.

N’umusirikare w’Umufransa agira gatatu apfuye, kuva igihugu c’Ubufransa kirungitse abasirikare, mu gihugu ca Mali, gutuza abarwanyi b’umurwi al-Qaida, kw’italiki 11 z’ukwezi kwa mbere.

Ubufransa bwatangaje kw’abarwanyi b’Aba Islamu, cumi na batanu, canke barenga, bishwe canke barekomereka, mu ngwano yabaye, ku musi wa gatandatu, yahitanye umusurikare w’Umufransa.

Ukwo gutana mu mitwe kwabaye, mu gihe igihugu ca Chad catangaje kw’inteko zaco, mu buraruko bw’igihugu ca Mali, zishe Mokhtar Belmokhtar, umurwanyi akorana n’umurwi al-Qaida, yiyitiriye igitero cihaye inkumbi, cagizwe mu kibanza gihungura gaz naturel, mu gihugu ca Algeria, mu ntango z’uwu mwaka