AbanyaMali N’Abafaransa Barafashe Ikindi Gisagara

  • Frederic Nkundikije

Abasirikare b'abafaransa kw'ibarirere yo mu gisagara ca Sevare

Abasirikare b’igihugu c’Ubufaransa barandanya gufashanya n’abasirikare b’igihugu ca Mali mu kwomora abagwanyi b’abaislamu.
Inyuma y’abo abaislamu bomorewe mu bisagagara bitari bike vyo mu buraruko bw’igihugu ca Mali bari barafashe, abahinga bihweza ibintu n’ibindi, bavuga ko naho gushika ubu, abasirikare b’abafaransa hamwe n’abasirikare b’igihugu ca Mali, bashoboye kwomora abagwanyi b’abaislamiste mu ntara bari barigaruriye, ngo reta ya Mali, ntikwiye gushira agati mu ryinyo, kuko, bitaramenyekana niba benshi mur’ abo bagwanyi, barishwe, canke baromotse bataye ibigwanisho vyose.

Twaraganiye na Freddy Nkurikiye, akwirikiranira hafi ibibazo vyo muri Afrika, igihe yari ku murwa mukuru w’igihugu ca Mali, Bamako, araheza araduha amakuru y’imvaho y’ukuntu ingwano iriko iragenda. Aravuga kandi ku mfashanyo amakugnu yatanze yo gufasha mu twigoro two kwomora abagwanyi b'abaislamiste.

Mushobora kwumviriza ikiganiro.

Your browser doesn’t support HTML5

Imfashanyoi yahawe igihugu ca Mali