Umusi w’Ugufasha Abandi Waranze Intango y’Impera z’Indwi y’Imbere y’Ibirori vy’Ukurahira kwa Prezida Obama

  • VOA Africa

Prezida wa Amerika, Barack Obama n'Umupfasoni wiwe, Michelle Obama Bariko Barafasha Gusukura Ishule Ritoyi i Washington DC.

Prezida wa Amerika, Barack Obama yaratanguje, ejo ku musi wa gatandatu, i Washington, igihe c’impera y’indwi, c’imbere y’ukurahira kwiwe, kw’ishule ryo mu gisagara ca Washington, mu gihe igisagara ca Washington cagize imyiteguro ya nyuma, yerekeye ukurahira kwa prezida Obama, ku musi wa mbere, mu mabanga y’ugusubira kuyobora Amerika, mu kiringo ca kabiri.

Prezida Obama, n’umupfasoni wiwe, Michelle Obama, barafashije gusukura ishule ntoyi, mu gisagara ca Washington, mu biri mu bikorwa bitari bike vy’ugufasha abandi, vyateguwe n’urwego rujejwe ibirori vy’ukurahira kwa prezida Obama.

Prezida Obama, n’umupfasoni wiwe, batanguje ikiringo c’impera y’indw,i c’imbere y’ukurahira c’ugufasha abandi, haheze imyaka ine.

Muri ico gihe, abakozi hafi y’ahazobera ibirori vy’ukurahira, imbere y’inyubakwa y’inama nshingamateka, bararangije kwubaka ibibanza abatumire bazohagararamwo, n’ibibanza bazokwicaramwo.

Abateguye ivyo birori, bavuga kw’abantu bagera ku bihumbi amajana umunani, bazokwitaba ibirori vy’ukurahira kwa prezida Obama, igitigiri kirenga abantu baba mu gisagara ca Washington, yamara kiri musi cane, y’igitigiri c’umuliyoni n’ibihumbi amajana umunani, baje mu gisagara ca Washington, hareheze imyaka ine, kurorera ibirori vy’uykuranira kwa prezida Obama ,mu mabanga y’ukuyobora Amerika, mu kiringo ca mbere ciwe.

Ikiringo kigira kabiri ca prezida Obama, kiza gutangura icese, n’ukurahira kwiwe, kuza kuba uno musi, kw’italiki mirongo ibiri, z’ukwezi kwa mbere, isaha zitantatu zo ku mutaga, nkuko bitegekanywa, n’ibwirizwa nshingiro.

Yamara kubera italiki ya mirongo ibiri ishitse, uyu mwaka, ku musi w’Imana, azosubira kurahira, ku musi wa mbere, umusi uhuriranye n’umusi w’ikonj,i w’ukwibuka Dr. Martin Luther King, Jr., umuyobozi w’abaharaniye agateka k’abirabure, muri Amerika, yagandaguwe.