Indege z’ingwano z’igihugu c’Ubufarnasa, zirabandanya kurasa ku murwi w’abaislamu Ansar Dine mu gihugu ca Mali.
Ivyo bitero bibaye mu gihe intumwa y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, Romano Prodi, yaheruka gutangaza kw’ata nteko zizorungikwa mu gihugu ca Mali, imbere yo mu kwezi kw’icenda.
Yamara inyuma y’aho abarwanyi b’abaislamu bafatiye igisagara kiri hafi y’igisagara gikomeye citwa Mopti, kiri mu minwe ya reta ya Mali, igihugu c’Ubufaransa caciye gitangaza ko carungitse abasiriakaba bagiye gufasha reta y’igihugu ca Mali, gicuditse n’Ubufaransa.
Mugenzi wacu Freddy Nkurikiye akwirikiranira hafi ibibazo biraba intara ya Afrika, yaravuganye na Frederic Nkundikije, araheza aramubwira ikintu yibaza kw’ar’insiguro y’ivyo bitero vy’abaransa ku murwi Ansar Dine urwanya ubutegetsi mu gihugu ca Mali:
Mushobora kwumviriza.
Your browser doesn’t support HTML5
Ikoganiro hamwe na Freddy Nkurikiye ku vyerekeye Mali