Prezida Obama Ariko Atangaza kw'Agenye Chuck Hagel Kuba Umushikiranganji Ajejwe Kwivuna Abansi na John Brennan Kuba Umuyobozi w'Ibiro vy'Iperereza, C-I-A.
Ejo ku musi wa mbere, prezida Obama, yagenye Chuck Hagel, yahoze ari umu Senateur w’Umu Republika, ava mu ntara ya Nebraska, kuba umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, hamwe n’umuhanuzi wiwe, ku vyerekeye kurwanya iterabwoba, John Brennan, kuyobora ibiro bijejwe iperereza, C-I-A.
Prezida Obama, yavuze ko Hagel ari umuyobozi, inteko za Amerika zikwirikiye. Yongeye kandi avuga kw’igenwa rya Hagel, vyerekana umuco w’ukudashira imbere, ivyiyumviro vya politike, abantu bakeneye kurushiriza, I Washington
.
Prezida Obama, yarahayagije Brennan, kuba yarayoboye akigoro k’ukugwanya umurwi al-Qaida, mu gihe yagumye yiyemeje, ku mico iranga Abanyamerika.
Igihe prezida ,Obama, yariko atangaza igenwa rya Chuck Hagel na John Brennan, baragerageje guhumuriza abantu, ku mpungene bashobora kuba bafise, ku vyerekeye igenwa ryabo.