Amerika Yarugaye Ambassade Yayo muri Centrafrique

  • VOA Africa

Ikarata y'Igihugu ca Centrafrique

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zabaye zirugaye ambassade ya Amerika, mu gihugu ca Centrafrique, zongera zikura muri ico gihugu abakozi ba Ambassade yazo, kubera abagwanya ubutegetsi bwa Centrafrique bariko bagabisha gutembagaza Reta.

Umuvugizi wa Departement ya Reta ya Amerika, yatangaje, ejo ku musi wa kane, kw’abategetsi ba Reta ya Amerika bariko basaba impande zose gutangura ibiganiro vy’amahoro, bigenewe imigambi mishasha, yerekeye umutekano, mu gihugu.

Yavuze kw’imigenderanire hagati ya Amerika na Centrafrique itazogeramirwa.

Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, riza ryarakuye abakozi baryo, badakenewe cane, muri Cnetrafrique, kubera ubwicanyi bushobora kwaduka.

Abagwanya ubutegetsi bari hafi y’ibilometero amajana atatu, umuntu avuye ku murwa mukuru, Bangui.

Batangaje kw'ata migambi bafise, y’ugufata ico gisagara, ko yamara batazorera amaboko, niyo inteko za Reta zatera zija, mu bibanza barimwo.

I nteko z’Ubufransa, amajana abiri na mirongo itanu, ziri muri Centrafrique, mu gikorwa c’uguncugera umutekano. Bamwe muri Centrafrique bashaka Ubufransa gukora kurushiriza, kugira buhagarike abagwanya ubutegetsi.

Yamara prezida w’igihugu c’Ubufransa, Francois Hollande, yatangaje kw’Ubufransa buri mu gihugu ca Centrafrique ,gukingira inyungu zabwo, n’abanyagihugu babwo, kw’Ubufransa butari muri Centrafrique, kwisuka mu biraba ico gihugu.