Igitero ca Grenade mw’Isengero mu Gihugu ca Kenya Cahitanye Umwana w’Umuhungu w’Imyaka Icenda

  • VOA Division

Abarwanyi b'Umurwi al-Shabab

Igipolisi c’igihugu ca Kenya catangaje kw’igitero cagizwe ejo ku musi w’Imana kw’isengero ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya, Nairobi, cahitanye umwana w’umuhungu w’imyaka icenda, abandi bana bane barakomereka.

Umukuru w’igipolisi, Moses Ombati yatangaje kw’abona kw’abashigikiye umurwi w’intagondwa z’aba Islamu, al-Shabab aribo bagize ico gitero.

Igipolisi catangaje kw’abo bana bari mu misay’abanyeshule y’ejo ku musi w’Imana mw’isengero, Polycarp Church ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya, Nairobi igihe umuntu yatera grenade muri iyo sengero.

Abategetsi b’igipolisi ca Kenya beramera kandi kw’abashigikiye umurwi al-Shabab bishe abapolisi babiri bari muri patrouille mu gisagara ca Garissa, hafi y’urubibe na Somalia ejo ku musi w’Imana. Abagize ico gitero barasahuye inkoho abo bapolisi bari bafise.

Inteko z’igihugu ca Kenya zarinjiye mu gisagara ca Kismayo ku musi wa gatanu uheze, mu vyatumye abagwanyi b’umurwi al-Shabab bava muri ico gisagara, igisagara gikomeye cane bari basigaranye.

Your browser doesn’t support HTML5

Igitero ca Grenade i Nairobi mu Gihugu ca Kenya