Vice president w’Uburundi, Terrence Sinunguruza, yarafashe ijambo imbere, aho yashirije ibintu reta y’Uburundi imaze kurangura kuva habaye amatora ya mbere mu mwaka w’2005.
Vice president wa mbere w’Uburundi, yaribukije kandi imigambi yaranguwe na reta ya president Nkurunziza, irimwo gushira abana mu mashule yo mu ntango, ata mafaranga barinze kuriha hamwe n’imigambi yo kuvuza abafasoni bibungenze ku buntu. Ntiyasize inyuma kandi ibibazo vy’umutekano mu Burundi hamwe n’uruhara rwa reta y’Uburundi mu kubungabunga amahoro mu bihugu vyo mu ntara hamwe no mu gihugu ca Somalia: