Uko wahagera

Zindzi Umukobwa wa Nelson Mandela Yashinguwe i Johannesburg


Zindzi Mandela, umukobwa wa Nelson Mandela yahoze ari perezida wa Afurika y'Epfo yashinguwe. Mu mihango yo kumushingura, umuhungu wiwe mukuru, Zondwa Mandela, yavuze ko nyina yitavye Imana abaganga bamaze kumusangana ubwandu bwa Virusi ya Corona.

Perezida wa Afurika y’Epfo Cyril Ramaphosa yashimiye umuryango wiwe ko utahishije ko nyakwigendera yari yaranduye COVID-19. Yagize ati : “Ukutagira ibanga ko yari afise iyo virusi bizotuma ikumirwa ry’abanduye uwo mugera rigabanuka, abayirwaye nabo biyakire.”

Umuryango wa Zindzi nubwo wemeje ko uwabo yari yaranduye Corona, wavuze ko wasavye abaganga gukora ibizamini vy’icamuhitanye, autopsie, wemera ko bugingo ivyo bizamini bibonetse icamuhitanye kizoca gitangazwa.

Zindzi Mandela yashengeye afise imyaka 59 ku munsi wa mbere yari asanzwe aserukira igihugu ciwe muriDanemark. Ni we mukobwa wa nyuma Nelson Mandela yavyaranye n’umupfasoni wiwe wa kabiri Winnie Madikizela-Mandela. Nyakwigendera yashinguwe iruhande rwa nyina mu gisagara ca Johannesburg.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG