Uko wahagera

Zimbabwe: ONU Itabariza Ibice 60 kw'Ijana Vyugarijwe n'Inzara


Ishami ry’ishirahamwe ONU rijejwe ibifungurwa, PAM, ryasavye uno musi ku wa kane iyindi miliyoni 250 y’amadolari agenewe gufasha abanyazimbabwe imiliyoni n’imiliyoni. Ni mu gihe ikiza c’umugera wa Corona kigeramiye ico gihugu. PAM yagabishije ko ibice 60 kw’ijana vy’abanyagihugu bashobora kugira ibibazo bikomeye vy’ibifungurwa. Zimbabwe ifise ibibazo vy’amafranga y’agaciro, imiti n’itituka rikomeye ry’ifaranga ry’igihugu.

Ishirahamwe PAM rimenyesha ko igitigiri c’abanyazimbabwe bafise ibibazo vy’ibifungurwa kizoshika mu 8.600.000 mu kwezi kw’icumi na kabiri. Iryo shirahamwe rimenyesha ko bizoba bitewe n’ingaruka z’ururuba, iyanzara ry’ubutunzi n’ikiza c’umugera wa Corona.

Izo miliyoni 250 y’amadolari PAM isaba agenewe gufasha ibikorwa vyihuta bitera vyiyongera. Mu kwezi kwa kane kw’uyu mwaka, ryari ryarondeye imiliyoni 130 y’amadolari y’ugufasha ibikorwa vyihutirwa gushika mu kwezi kw’umunani.

Lola Castro, umuyobozi wa PAM mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko asaba amakungju gufasha bidatevye kugira ibintu ntibimere nabi kurushiriza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG