Uko wahagera

Zimbabwe: Abaticandagishije Covid 19 Ntibemerewe Gutonda ku Kazi ka Reta


Imirongo y'abantu bashaka urukingo rwa Covid 19 ku bitaro by'i Harare muri Zimbabwe
Imirongo y'abantu bashaka urukingo rwa Covid 19 ku bitaro by'i Harare muri Zimbabwe

Zimbabwe yafashe icemezo kw’abakozi ba reta batafashe incanco zikingira ikiza Covid-19, batazosobira kwemererwa gutonda ku kazi kuva ku musi wa mbere utaha. Ni mu ntumbero yo kurwanya ikiza ca Covid-19.

Kw’italiki 14 y’ukwezi kw’icenda, reta ya Prezida wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa yarategetse abakozi ba reta bose kwicandagisha. Yabahaye ukwezi kugira babe bavyubahirije.

Imenyesha abatazokwerekana impapuro zerekana ko bacandazwe batazorekurirwa kuja ku kazi kabo kandi batazohembwa.

Ivyo ni mu ntumbero yo guhagarika ikwiragira ry’ikiza ca Covid-19.

Iryo tegeko ryateweko igikumu n’umunyamabanga ntabanduka ajejwe amagara y’abantu, Jasper Chimedza.

Ishirahamwe rikomeye ry’abakozi muri Zimbabwe, “Zimbabwe Congress of Trade Unions” ryaragiye muri sentare guhangana n’iyo ngingo ya reta yakwirikijwe na bamwe mu bikorera ku giti cabo.

Gushika kw’italiki 14 y’uku kwezi kw’icumi abantu bamaze kwemezwa ko bahitanywe na Covid-19 muri ico gihugu ni 4,655 ku bantu 132,251 bamaze kwandura ico kiza kuva mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’i 2020.

Naho Zimbabwe yabaye igihugu ca mbere muri Afrika catanguye gukingira abanyagihugu Covid-19, abantu imiliyoni 2 n’ibihumbi amajana atanu ku bantu imiliyoni 15 baba mu gihugu nibo bonyene bamaze kuronka incanco zose zikenewe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG