Uko wahagera

Zimbabwe: Abataracandarwa Covid-19 Ntibemerewe Kwinjira mu Bubare


Umupfasoni wo muri Afurika y'Epfo yihereza urukanwa
Umupfasoni wo muri Afurika y'Epfo yihereza urukanwa

Zimbabwe yasubiye kwugurura ubunywero, yamara ku bantu bonyene baronse urucanco rw’ikiza Covid-19. Bubaye ubwa mbere ubunywero busubira kwugurura mu kiringo kirenga umwaka. Ubunywero n’ibibanza abantu batambiramwo vyari vyugawe mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’i 2020, mu ntumbero yo kugabanya ikwiragira ry’ikiza ca Covid-19.

Faith Masiya, afise ubunywero bwitwa, “FC Lounge” mu gisagara ca Mutare kiri mu buseruko bw’igihugu yatangaje uno musi ku wa gatatu ko yumva yiruhujije. Amenyesha ko kwugara mu kiringo kirenga umwaka kitari ikintu coroshe. Avuga ko iyo ngingo yahatswe kwugaza burundu ubunywero bwiwe kubera ategerezwa kuriha imishahara, amazi, amatara hamwe n’ibindi.

Umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru, Monica Mutsvangwa, yavuze ko ingingo yo gusubira kwugurura ubunywero n’ibibanza abantu batambiramwo yafatiye ku mpungenge ko vyariko bituma haba ubuhombe n’ubushomeri kandi ibibanza nk’ivyo bitarekuriwe n’amategeko bikwiragira mu gihugu. Yamara naho ari uko, amenyesha ko ubunywero n’ibibanza abantu batambiramwo bizotegerezwa kwugara igihe c’isaha imwe yo mw’ijoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG