Abategetsi bo muri Reta ya Texas, mu bumanuko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, batangaje ko hari umwana w’uruhinja yapfuye akivuka, bitewe nuko nyina wiwe yagendeye igisagara ca El Salvador, kiri muri Amerika yo hagati, yibungenze, aza azanye umugera wa Zika.
Kur’uyu wa gatanu niho ivyigwa vyo kwa muganga vyemeza k’uwo mwana yahitanywe n’umugera wa Zika. Abaganga bo muri Reta ya Texas, bavuga ko ata wundi muntu barabonana ibimenyetso vya Zika.
Muri Reta ya Florida, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Amerika, umugera wa Zika urateye uruhagarara, bivuye ko hari abantu bane biketswe kuba bawutewe n’imibu. Abo bantu bane bose baka baba mu karere katarenga ibirometero bibiri.
Hillary Clinton, umukandida w’aba Demokrate, yarataganje igihe yagendera igisagara ca Miami, ku munsi wa kabiri, ko Inama Nshingamateka itegerezwa kwicarira ico kibazo igashinga itegeko rishiraho ikigega co kugwanya umugera wa Zika.