Uko wahagera

Zambiya Yugaye Imbibe Ihana n'Igihugu ca Tanzaniya


Ikarata ya Zambiya
Ikarata ya Zambiya

Zambiya yugaye imbibe n'igihugu ca Tanzaniya mu ntumbero y'ukurwanya ikiza c'umugera wa Corona. Ivyo bizotebesha ubutare bw’umuyumpu Zambiya ishorera hanze ibucishije ku kivuko ca Dar es Salaam.

Prezida wa Zambiya, Edgar Lungu, yategetse kwugara imbibe hagati y’igihugu ciwe na Tanzaniya ku musi w’Imana. Ni inyuma y’uko abantu 76 basanganywe umugera wa Corona mu gisagara ca Kakonde kiri ku rubibe na Tanzaniya, igitigiri kinini cane c’abanduye uwo mugera mu kiringo c’umusi umwe.

Ingingo zikomeye z’ukuziririza abantu kuva mu ngo zabo zafashwe n’igihugu ca Afrika y’epfo zatumye abacukura ubutare bahindura ibivuko bakoresha. Zambiya yari yahisemwo ikivuko c’i Dar es Salaam.

Abategetsi b’igihugu ca Zambiya ntibamenyesheje igihe imbibe hagati y’igihugu cabo na Tanzanziya zizomara zugaye.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Zambiya, Chitalu Chilaufya, yatangaje ko igitigiri c’abari bamaze kwandura umugera wa Corona mu gihugu gushika ku musi w’Imana cari 267. Abari bamaze guhitanwa n’uwo mugera bari 7. Muri Tanzaniya abamaze kwemezwa ko bafise umugera wa Corona ni 509 mu gihe abo umaze guhitana ari 21, nk’uko bitangazwa n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG