Uko wahagera

Zambiya mu Matora Afatwa nk'Igipimo ca Demokarasi


Bamwe mu bari bacungereye amatora yo mu 2015
Bamwe mu bari bacungereye amatora yo mu 2015

Amatora yimirije muri Zambiya agiye kwerekana ukuntu demokrasi yifashe muri ico gihugu.

Prezida Edgar Lungu ariko aritoza mu kindi kiringo. Itororokaniro ry’amakuru Associaated Press rivuga ko abadashigikiye reta ya Edgar babona ko intwaro yiwe yacinyije demokrasi, yugaye ibinyamakuru, kandi yapfunze abatavuga rumwe na yo.

Mu ndwi ziheze, abanyagihugu bahurikiye mu migambwe ibiri ikomeye baratanye mu mitwe, bica bituma Prezida Lungu arungika abasirikare kugarukana umutekano.

Abanyapolitike bariko bahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu, ni 16. Bitegekanijwe ko hazotunganywa amatora yo ku ncuro igira kabiri mu gihe ata n’umwe muri abo bakandida yoshikana amajwi 50%.

Mu matora y’abashingamateka nayo, abakandida 800 bava mu migambwe itandukanye bariko bahiganira ibibanza 156 mu nama nshingamateka.

Umwe mu bahinga bakwirikiranira hafi igihugu ca Zambiya, Nic Cheeseman, yigisha muri kaminuza ya Birmingham mu Bwongereza. Avuga ko uko bigenda kose, ayo matora y’umukuru w’igihugu muri Zambiya azovamwo impari n’imvururu ya politike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG