Uko wahagera

Zambiya: Amatati ku Kibanza caho Prezida Kaunda Azoshingurwa


Ibikorwa vyo gushingura Kenneth Kaunda yahoze ari Prezida wa Zambiya vyatanguye uno musi ku wa gatatu naho umwe mu bahungu biwe yashingishije urubanza muri sentare ku vyerekeye ikibanza agenewe gushingurirwamwo.

Umuhungu wa Kaunda, Kaweche Kaunda, yarashingishije urubanza muri sentare ku musi wa kabiri ku mugambi wa reta wo gushingura se wiwe mu kibanza gishingurirwamwo abakuru b’igihugu, asigura ko biteye kubiri n’icipfuzo ca se wiwe.

Itororokanyirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, “Reuters”, ritangaza ko Kaweche Kaunda yamenyesheje ko icipfuzo ca nyuma ca se wiwe kwari ukumushingura imuhira iwe iruhande y’umutambukanyi wiwe, Betty, yitavye Imana haraheze imyaka irenga cumi.

Uwunganira, Kweche Kaunda, John Sangwa yatangaje ko bitegekanijwe ko umucamanza wa sentare nkuru azofata ingingo ku vyasabwe ku mutaga w’uno musi ku wa gatatu. Yamara ntaratanga itegeko ryo guhagarika ibikorwa vyo gushingura Kaunda.

Kenneth Kaunda yayoboye Zambiya kuva mu mwaka w’i 1964, igihe ico gihugu caronka intahe yo kwikukira cikuyeko Ubwongereza gushika atsinzwe mu matora yo mu mwaka w’i 1991. Yitavye Imana kw’italiki 17 y’ukwezi kwa gatandatu mu bitaro vya gisirikare ku murwa mukuru wa Zambiya, Lusaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG