Uko wahagera

Igikorwa c’Urwaruka rw’Umugambwe CNDD-FDD


Urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD mu makomine ya Kanyosha na Kabezi ngo rukora akazi koranguwe n’ugwego gw’abaporisi.

Urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD mu makomine ya Kanyosha na Kabezi ngo rukora akazi koranguwe n’ugwego gw’abaporisi. Imibano nti yifashe neza hagati y'abadasangiye imigambwe mu makomine ya Kanyosha na Kabezi. Abajejwe intwaro mur'utwo turere, baremeza ko imiryango myinshi itakirara mu ngo. Ubwo bwoba buri hagati y'abanywanyi b'imigambwe FNL na CNDD-FDD. Ibintu vyagiye kwunyuka ku musi wa gatanu, igenekerezo rya cumi na gatandatu, igihe abanyeshure bica umwigisha yari asanzwe ari umunywanyi w’umugambwe CNDD-FDD muri komine Kabezi. Abo banyeshure bamwishe bamwagiriza ko akorana n'abaporisi, mu gufatisha abanywanyi b'umugambwe FNL.

Inyuma y'amatora yo ku wa mirongo ibiri na kane ukwezi kwa gatanu, inyifato y'abanyeporitike yaratosekaje cane imibano mu mihingo myinnshi y'igihugu. Abanywanyi b'umugambwe CNDD-FDD batsinze amatora, barabandanije kwigina intsinzi, abandi nabo bo mu migambwe itemera ivyavuye muri ayo matora babandanya bakubita urutoke. Muri komine Kanyosha, mu micungararo y’igisagara ca Bujumbura, abanywanyi b'umugambwe FNL bagiriza urwaruka rw'umugambwe CNDD-FDD bita "Imbonerakure”, ko rukorana n'abaporisi, mu gufatisha abanywanyi b'iyindi migambwe cane cane imisore yo mu mugambwe FNL, Ico cuka kibi kimaze kwibonekeza kandi mu Gatumba nk'uko abanyagihugu baho bavyiganiye Ijwi rya Amerika.

Abubahiriza agateka ka zina muntu, bavuga ko ukwo kutumvikana hagati y'abadasangiye imigambwe bihagaritse umutima. Ligue Iteka, rimwe mu mashirahamwe aharanira iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi, rivuga ko ugushamirana hagati y'imisore ya FNL n’imisore ya CNDD-FDD biteye ubwoba. Iryo shirahamwe rivuga ko abajejwe intwaro bakwiye guhaguruka bagahumuriza abarundi. Abarongo imigambwe bisigura bavuga ko ata banywanyi babo batuma guhungabanya umutekano.

XS
SM
MD
LG