Uko wahagera

WhatsApp Yagabanije Abo Umuntu Yemerewe Kurungikira Ubutumwa


Abayobozi b’isosiyete, “Facebook Inc” urubuga WhatsApp rwegukira bafashe ingingo ku vyerekeye gusuzuma kurushiriza ubutumwa burungikwa kuri urwo rubuga. Ni mu ntumbero y’ukugabanya ikwiragizwa ry’amakuru atari ay’ukuri ku kiza c’umugera wa Corona.

Iyo ngingo nshasha igabanya uburyo abakoresha urwo rubuga barungika ubutumwa kugira bigabanye umuvuduko w’ikwiragizwa ry’amakuru atari ay’ukiri.

Isosiyete, “Facebook Inc” urubuga WhatsApp rwegukira yamenyesheje ko yafashe iyo ngingo kugira bitume abantu bashimikira ku vyerekeye guhanahana amakuru mazima muri iki gihe ikiza c’umugera wa Corona kiriko gikwiragira mu bice bitandukanye vyo kw’isi.

Mu bihe vya vuba, abayobozi b’urubuga rwa WhatsApp bamenyesheje ko barengewe n’ukwiyongera kw’abantu bakwiragije amakuru y’ibinyoma kuri urwo rubuga ku bijanye n’ikiza c’umugera wa Corona.

Batangaza ko ari ngombwa ko bagabanya ikwiragizwa ry’inkuru nk'izo kugira WhatsApp ibandanye kuba urubuga abantu bahanahanirako amakuru mazima ku biberekeye.

Ingingo nshasha y’urubuga, WhatsApp yerekeye ubutumwa bumwe burungikwa incuro nyinshi, kenshi butaba bujanye n’ivyerekeye ababa bariko babuhanahana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG