Uko wahagera

Visi Prezida wa Guinee Equatoriale Yatsinzwe mu Rubanza rw'Ibiturire


Visi Prezida wa Guinee Equatoriale Teodoro Nguema Obiang Mangue,
Visi Prezida wa Guinee Equatoriale Teodoro Nguema Obiang Mangue,

Icegera ca prezida wa Guinee Equatoriale, Teodoro Obiang Mangue yatsinzwe mu rubanza yari yunguruje inyuma yuko yagiwe mu Bufransa n'icaha c'inyuruzwa ry'amafranga ya reta.

Sentare nkuru yungururizwamwo imanza yo mu Bufransa yemeje uno musi ku wa gatatu urubanza rwakatiwe Obiang Mangue, umuhungu wa Prezida Teodoro Obiang Nguema, ku vyaha vyuko yanyuruje amafranga y’igihugu. Ivyo bizotuma asubiza abanyagihugu imiliyoni n’imiliyoni y’amadolali.

Obiang Mangue yakatiwe umunyororo utazoshirwa mu bikorwa w’imyaka itatu n’ihadabu y’imiliyoni 30 y’amadolari mu rubanza yaciriwe atariho ari mu mwaka w’i 2020.

Ishirahamwe mpuzamakungu rirwanya ibiturire, Transparency International, ryari mu bitwariye Obiang Mangue, ryamenyesheje ko mu matungo yiwe yafashwe harimwo inyubakwa y’agaciro kari hafi y’imiliyoni 150 y’amafranga akoreshwa mu Bulaya iri ku murwa mukuru w’Ubufransa, Paris.

Obiang Mangue yagumye ahakana ko hari amakosa yakoze, akaba yatangaje ko ata burenganzira sentare zo mu Bufransa zifise bw’ugufata ingingo ku matungo yiwe. Yamara sentare gasamburamanza yo muri ico gihugu yarateye ivyatsi urubanza yari yunguruje.

Umuyobozi w’ishirahamwe, Transparency International, mu Bufransa, Patrick Lefas, yatangaje ko kubera iyo ngingo ya sentrare, Ubufransa butakiri ihinguro ry’amafranga asahuwe n’abategetsi bo mu mahanga n’abo bakorana. Ntaco umuvugizi wa Reta ya Guinee Equatoriale yishuye buno nyene kur’iyo ngingo ya sentare.

Kubera ata zindi nzira Obiang Mangue asigaranye z’ukwunguruza urubanza, amatungo yiwe ategejkanijwe kugurishwa hizunzwe itegeko ryo mu Bufransa rivuga ko amafranga avuyemwo ah’ukuja mu kigega ca Reta y’ico gihugu, yotegerezwa gusubira muri Guinee Equatoriale.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG