Uko wahagera

Visi Perezida wa Liberiya Yaranduye Umugera wa Corona


Visi Perezida wa Liberiya Jewel Taylor
Visi Perezida wa Liberiya Jewel Taylor

Icegera ca perezida wa Liberiya yemeje ko afise umugera wa Corona. Iyo nkuru yatangajwe n’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Wilhelmina Jallah, inyuma yaho, Jewel Howard-Talyor, ajanywe n’indege mu gihugu ca Ghana ku musi wa kabiri agiye kwivuza. Ibipimo vyerekanye ko afise Covid-19.

Abategetsi bari bahakanye mu ntango ko Jewel Howard-Talyor yari afise uwo mugera. Jewel Howard-Taylor yahoze ari umupfasoni wa Charles Taylor yahoze ari prezida wa Liberiya.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Wilhelmina Jallah yatangaje ko Jewel Howard-Tylor yasanganywe umugera wa Ebola kw’italiki 10 y’uku kwezi kw’umunani.

Igisata c’ubuvuzi muri Sierra Leone kiracumbagira kuva ingwano irangiye muri ico gihugu haraheze imyaka 17. Abategetsi ba Reta n’abandi babishoboye kenshi baja kwivuza mu mahanga mu gihe bafise ibibazo vy’amagara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG