Uko wahagera

Virusi ya Corona Yageze i Kinshasa muri Kongo


Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri Republika ya Demokarasi ya Kongo butangaza ko hari umuntu umwe ibipimo vyerekanye ko afise umugera wa Corona.

Uwo mugabo w'imyaka 52 ni Umunyekongo aba mu Bufaransa. Yashitse ku butaka bwa Kongo ku munsi wa Mungu. Umushikiranganji w'amagara y'abantu muri ico gihugu, Dr. Eteni Longondo yabwiye Ijwi ry'Amerika ko ihoteri uwo mugabo yashikiyemwo yugawe.

Abamaze guhitanwa n'uyo mugera ku mugabane wa Afurika bageze kuri babiri: Muri Maroko, umupfasoni w'imyaka 89 bayitoranye yitavye Imana uno munsi, uwundi wa kabiri yashengereye muri Misiri kuri uno wa mbere ni umugabo w'imyaka 60 akomoka mu Budagi.

Afurika kugera ino saha iharurwamwo abanduye barenga 90. Ibindi bihugu vy’Afurika, iyi virusi imaze kugaragaramwo ni Aljeriya, Afurika y'Epfo, Senegali, Burkina Faso, Kameruni, Nijeriya, Togo, na Tuniziya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG