Uko wahagera

Virusi ya Corona Iriko Iragabanuka ku Mugabane wa Afurika


Umugabane w’Afrika watanguye kugabanya ubwandu bw’ikiza ca Corona muri iki gihe abanyagihugu bariko barashira mu ngiro, impanuzo zijanye no kwikingira.

Ibiro bijejwe guhangana n’indwara z’ivyaduka ku mugabane w’Afrika, bivuga ko igabanuka ry’ubwandu bw’ikiza ca corona bukeshwa ahanini ingingo zafashwe zo guhimiriza abanyagihugu kwambara udupfakamunwa hamwe no kwirinda gukoranira mu kibanza kimwe, ari benshi hamwe no kutegerana.

Naho muri Afrika ico kiza kitandukiye abantu benshi mu ntango, cagiye kiriyongera buhoro buhoro, cane cane mu gihugu ca Afrika y’Epho kirimwo igice c‘abanyagihugu bose umuliyoni umwe n’ibihumbi ijana bamaze gufatwa n’uyo mugera.

Umukuru w’ibiro bijejwe kwirinda indwara z’ibiza muri Afrika, John Nkengasong avuga ko muri izi ndwi zibiri ziheze, hagaragaye ibimenyetso vyerekana ko ubwandu bushasha bw’ico kiza bwagabanutse.

Yamara naho mu bihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika hari akamo gasaba ko amashure yugururwa, Nkengsong asaba ko ingingo yo kwugurura amashure yoba irahagaritswe gushika aho, bizogaragarira ko ubwandu bw’ico kiza bwagabanutse bimwe biboneka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG