Uko wahagera

Uwuserukira Myanmar mu Bwongereza Yabujijwe Kwinjira Ibiro Vyiwe


Ambasaderi Kyaw Zwar Minn aserukira Myanmar mu Bwongereza

Uwuserukira Myanmar mu Bwongereza yabujijwe kwinjira ibiro vyiwe, azira kuba ku ruhande rwa Madamu Aung San Suu Kyi yavanywe ku butegetsi mu kwezi kwa kabiri.

Ambasaderi Kyaw Zwar Minn yabwiye abamenyeshamakuru ko icegere ciwe camwugaranye kimubuza kwinjira, ku mategeko yatanzwe n’abasirikare batembagaje ubutegetsi.

Mw’itangazo yasomeye imbere y’ubuserukizi bwa Myanmar I Londres mu Bwongereza, uwo mutegetsi yavuze ko bamwe mu bakozi biwe barimwo abadiplomate bariko baraterwa ubwoba ko bashobora guhanwa mu gihe batokwemera kuyoboka Reta ya gisirikare iriko itegeka Myanmar.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubwongereza n’ayandi makungu mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yateye ivyatsi ico yise igikorwa kigayitse c’abasirikare bahiritse ubutegetsi bwa Myanmar, ashimagiza “ubutwari” bwa Ambasaderi Kyaw Zwar Minn.

Ibi bije bikurikira iyicwa ry’abasivile 11 bari mu myiyerekano yo ku munsi wa mbere. Iyo myiyerekano y’abadashigikiye abasirikare batembagaje ubutegetsi ibandanya mu mihingo itandukanye, yakomerekeyemwo abasivile 10 barashwe n’abasirikare, abatari bake nabo batabwa muri yompi nkuko servisi y’Ijwi ry’Amerika muri Mynamar ibitangaza.

Kuva imyiyerekano y’abanyagihugu bipfuza ko Madamu Aung San Suu Kyi asubizwa ubutegetsi itangura mu kwezi kwa kabiri, amashirahamwe yigenga yemeza ko abasivile bababa 600 ari bo bamaze kuyicirwamwo. Muri aba, harimwo abana barenga cumi. Abatawe muri yompi bagera ku 3500.

  • 16x9 Image

    Diane Nininahazwe

    Diane Nininahazwe akorera igisata c'Ikirundi n'Ikinyarwanda kuva mu 2015. Imbere yo gutangura gukorera ku cicaro gikuru i Washington-DC nk'umumenyeshamakuru n'uwushinzwe imbuga ngurukanabumenyi z'ico gisata (Digital Lead), yakoreye Ijwi ry'Amerika mu Burundi, i Buraya ku murwa mukuru w'Ubudagi i Berlin, no mu gisagara ca Los Angeles muri Reta ya California iri mu burengero bushira ubumanuko bw'Amerika. Umwuga wo kumenyesha amakuru yawutanguye mu 2004 aho yakoreye ibimenyeshamakuru bitandukanye birimwo iradiyo yigenga Bonesha Fm n'ikimenyeshamakuru c'Abafaransa, Le Point Afrique. Imbere yo gukorera Ijwi ry'Amerika, Nininahazwe yarakoze nk'umumenyeshamakuru yigenga ibiganiro vy'amashirahamwe yigenga arimwo iryo mu Buholande, La Benevolencija, iry'Abanyamerika, PSI, iry'Abadagi, EIREN, na CED-Caritas Burundi. Kuva mu 2011, ari mu murwi w'abamenyeshamakuru igisata ca ONU kiraba ivy'ubutunzi, UNECA, gikoresha nk'abigenga mu gukurikirana amanama mpuzamakungu ku vy'ihindagurika ry'ibihe n'iterambere rirama. Afise impamyabushobozi ya kaminuza mu gisata co kumenyesha amakuru mu bijanye n'iterambere (Communication Pour le Développement), n'urupapuro mu vy'umwuga wo kumenyesha amakuru muri rusangi (Multimedia Journalism). Amaze gutahukana ubushimwe butandukanye mu vy'ukumenyesha amakuru burimwo bubiri mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG