Uko wahagera

Uwundi Mutegetsi wa Amerika Yatanze Imihoho


Brett McGurk, Intumwa idasanzwe ya Amerika mu runani rwiyemeje kurwanya umurwi w’iterabwoba wiyitirira Reta ya Kiyisilamu

Intumwa idasanzwe ya Amerika mu runani rwiyemeje kurwanya umurwi w’iterabwoba wiyitirira Reta ya Kiyisilamu, Brett McGurk, yatanze imihoho.

Umutegetsi mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu atashimye ko izina ryiwe rimenyekana yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko ikete ry’ugutanga imihoho rya Brett McGurk ryabashikiriye ejo ku wa gatanu.

Muri iryo kete nkuko AFP ibandanya ibisigura Brett McGurk yemeje ko azokinjura igenekerezo rya 31 uku kwezi.

Ibimenyeshamakuru vyo muri Amerika bitangaza ko McGurk yari yavuze ko azotanga imihoho mu kwezi kwa kabiri umwaka uza wa 2019 ashimye kubikora imbere y’iryo genekerezo bitumwe n’ingingo ya Perezida DonaldTrump yo kuvana abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Siriya.

Ku wa kane Perezida Trump abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yigamvye avuga ko igihugu ciwe catsinze urugamba rwo kurwanya umurwi w’iterabwoba, ISIS, kuri ubwo abasikire ba Amerika bari muri Siriya kurwanya uwo murwi babwirizwa gutaha.

Inyuma y’ayo majambo ya Trump umushikiranganji wo kwivuna abansi Jim Mattis yaciye atanga imihoho ejo ku wa gatanu.

Ibihugu vy’Ubufaransa, Ubwongereza n’Ubudagi biri mu runani rwiyemeje gutuza umurwi w’iterabwoba wiyitirira Reta ya Kiyisilamu vyo bivuga ko intambara igikomeye kandi ko naho Amerika yobitana urugamba abasirikare bavyo babwirizwa kuguma muri Siriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG