Uko wahagera

Uwuburanira Alexis Sinduhije Aravuga kw’Ihagarikwa rwiwe I Dar-es-salaam


Uwuburanira Alexis Sinduhije Aravuga kw’Ihagarikwa rwiwe I Dar-es-salaam
Uwuburanira Alexis Sinduhije Aravuga kw’Ihagarikwa rwiwe I Dar-es-salaam

Mu gihe amakuru yerekeye ifatwa rya Alexis Sinduhije, umunyepolitike ayoboye umugambwe MSD mu Burundi, abandanya kuvugwa, umumenyeshamakuru wa Radiyo Ijwi rya Amerika, Robert Daguillard, yaravuganye n’umwe mu bamuburanira, Bernard Mangain, ku kugene yafashwe, n’ivyo ategekanya kugira:

Maitre Maingain avuga ko: Alexis Sinduhije yafashwe ata mpampuro mpuzamakungu z’ukumuhagarika zigeze zishikirizwa abategetsi bo mu gihugu ca Tanzania.”

Maitre Mangain avuga ko mu gihe abategetsi b’igihugu ca Tanzania batari bafise izo mpapuro, ngo nta mpamvu zariho z’ugutuma Alexis afatirwa I Dar-es-Salaam.

Maingain avuga ko abategetsi b’igihugu ca Tanzania bahagaritse Alexis Sinduhije ku vyagirizo vyuko yoba yarishe Docteur Kassy Malan . Ngo yagirijwe kandi ko yoba yarishe umukozi yakora i muhira iwe.

Amenyesha ko abategetsi b’igihugu ca Tanzania bamubwiye ko baronse amakuru bahawe n’abategetsi b’igihugu c’Uburundi inyuma yuko Alexis Sinduhije ahagaritswe, avuga kw’abategetsi b’Uburundi bari bafise imigambi y’ugusaba abategetsi b’igihugu ca Tanzania ko babashikiriza Alexis Sinduhije, bifatiye kuri dossier ya Kassy Malan, n’iyicwa ryumukozi w’i muhira iwe.

Ngw’ivyo vyerekana ikoreshwa ku nyungu za politike ry’inzego z’ubutunganez’igihugu ca Tanzania.

Avocat wa Alexis Sinduhije, Maitre Bernard Mangain yavuze ko niyo batarekura umu Client wiwe vuba, ngo nta nkeka ko azoja mu gihugu ca Tanzania kumufasha, ari kumwe n’abandi ba Avocats biwe basanzwe bari I Dar-es-salaam.

XS
SM
MD
LG