Uko wahagera

Uwishe Abantu 10 n'Imodoka i Toronto muri Sentare


Abazimya imiriro bahagaze hafi y'ahashizwe ikiziga c'umuntu yagonzwe n'imodoka mu buraruko bwa Toronto, Ontario, Canada, Itariki 23/04/2018.
Abazimya imiriro bahagaze hafi y'ahashizwe ikiziga c'umuntu yagonzwe n'imodoka mu buraruko bwa Toronto, Ontario, Canada, Itariki 23/04/2018.

Umugabo yagirizwa ko yishe abantu 10 abagongesheje imodoka kuri uno wa mbere mu gisagara ca Toronto muri Canada, ararenguka imbere y'ubutungane.

Abapolisi b’igihugu ca Canada bariko baratohoza kugira bamenye icatumye uyo mugabo yica abo bantu mur’ico gitero cakomerekeje n’abandi 15.

Umukuru w’igipolisi mu gisagara ca Toronto, Mark Saunders, yavuze ko umugabo yakoze iryo bara yitwa Alek Minassian afise imyaka 25. Yasiguye ko uyo mugabo asa n’uwasetse abantu n’iyo mudoka abishaka kandi yabiteguye.

Umushikiranganji wa Canada ajejwe umutekano, Ralph Goodale, yatangaje ko inyuma y’aho agiriye inama n’abandi bategetsi bajejwe umutekano, basanze iryo gandagurwa ry’abantu rifitaniye isano n’ikibazo c’umutekano w’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG