Uko wahagera

Uwikekwa mu Bwicanyi Buherutse Kuba mu Bufransa Yarishwe n’Igipolisi


Uwikekwa mu Bwicanyi Buherutse Kuba mu Bufransa
Uwikekwa mu Bwicanyi Buherutse Kuba mu Bufransa

Prezida w’igihugu c’Ubufransa, Nicholas Sarkozy yariyemeje kugwanya bikomeye ivyiyumviro vy’iterabwoba n’urwanko

Abashikirizamanza bo mu gihugu c’Ubufransa batangaje umuntu yikekwa ko yishe abantu indwi harimwo abana kw’ishule y’Abayahudi mu bumanuko bw’igihugu c’Ubufransa yarapfuye inyuma y’igitero cabaye mu gitondo c’ejo ku musi wa kane muri Apartement yiwe.

Umushikirizamanza, Francois Molins yatangaje kw’umugwi w’abapolisi badasanzwe bahawe amategeko y’ugukora ivyo bashobora kugira bafate uwo muntu yikekwa yitwa Mohamed Merah ari muzima.

Yamara igihe binjira muri apartement yiwe mu gisagara ca Toulouse inyuma y’uguhangana kwamaze amasaha mirongo itatu n’abiri, yaje ava muri toilette ariko ararasa, haanyuma asimba avuye kuri balcon yiyo apartement. Molins avuga ko Merah yarashwe mu mutwe.

Abapolisi babiri bavugwa ko bakomeretse muri ico gitero c’ igipolisi.

Mw’ijambo ryashikirijwe kuri televiziyo ejo ku musi wa kane, prezida w’igihugu c’Ubufransa, Nicholas Sarkozy yariyemeje kugwanya bikomeye gutanga inyigisho zifatiye ku vyiyumviro vy’intagondwa, kandi ko uwariwe wese agendera kenshi ibibanza vya internet bishigikiye iterabwoba canke agakokeza urwanko canke ubwicanyi azohanwa n’amategeko. Yongeye asaba ko abantu boja hamwe inyuma y’iraswa ry’abantu indwi ryagizwe na Mohamed Merah.

Merah, umufransa afise amamuko mu gihugu ca Algeria, yagirizwa ko yatanguye kurasa abantu kw’italiki cumi n’imwe z’ukwezi kwa gatatu aho yishe ubwa mbere abasirikare batatu b’Abafransa, mu nyuma yaho yica umu Rabbin n’abana batatu kw’ishule y’Abayahudi mu gisagara ca Toulouse. Ivyo bitero yabigize ari kw’ipikipiki, abategetsi bakaba bavuga ko muri ivyo bitero vyose hakoreshejwe ikigwanisho kimwe.

XS
SM
MD
LG