Uko wahagera

Michael Cohen Avuga ko Perezida Trump Yamuteye Ubwoba


Michael Cohen, yahoze ari avoka wa perezida Donald Trump, asohotse sentare i New York, itariki 12/12/2018.
Michael Cohen, yahoze ari avoka wa perezida Donald Trump, asohotse sentare i New York, itariki 12/12/2018.

Michael Cohen yigeze kuba umushingwamanza wa Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump ntacitavye kwishura ibibazo vya Congress kw’isango ryo kuwa 7 ukwezi kwa kabiri nkuko vyari bitegekanijwe. Umushingwamanza wiwe yashikirije kuri uyu wa gatatu ko umutekano wiwe n’uwo umuryango wiwe bibangamiwe n’iterabwoba riva kwa perezida Trump.

Umushingwamanza, Lanny Davis avuga ko iyindi mpamvu ari uko Cohen akibandanya kwitaba umushingwamanza adasanzwe Robert Mueller mu matohoza y’uruhara Uburusiya bwoba bwaragize mu guhungabanya amatora y’umukuru w’igihugu yo muri 2016.

Cohen vyari bitegekanijwe ko yitaba umurwi w’abashingamateka ugenzura ibikorwa vya reta uriko uratohoza ku mafaranga y’igipfuka munwa Trump yoba yarahaye abagore boba baragendanye nawe kugira ntibimwononere ukwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu. Trump arahakana ko atawe bagendanye inyuma y’urugo rwiwe.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG