Uko wahagera

Uwabwiye Trump ko Abanyafurika Bamukunda Yabisabiye Ikigongwe


Umutunzi Patrice Motsepe
Umutunzi Patrice Motsepe

Patrice Motsepe, umurwizatunga akomeye cane wo mu gihugu ca Afurika y’Epfo yasavye imbabazi kuba yabwiye perezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, Donald Trump, ko Afurika imukunda.

Yabimubwiriye mw’ikoraniro ryerekeye ubutunzi kw’isi riheruka kubera mu gisagara ca Davos mu gihugu c’Ubuswise. Ni amajambo yashavuje Abanyafurika batari bake bamwifatiye mu gahanga bamubaza uburenganzira afise bwo kubavugira.

Muri ayo masanamu ya videwo, Motsepe yumvikana abwira Prezida Trump ko Afurika ikunda Amerika kandi ikunda Trump, yongera amusabira imigisha n'iterambere.

Mw’itangazo yasohoye uno musi ku wa kabiri, Patrice Mostepe yavuze ko impari kuvyo yabwiye Perezida Trump vyatumye yugurura imiryango ku vyiyumviro bitandukanye n’ivyiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG