Uko wahagera

Uwa Mbere Yahitanywe na Virusi ya Corona mu Burundi

Umushikiranganji w'amagara  y'abantu mu Burundi Thadee Ndikumana
Umushikiranganji w'amagara y'abantu mu Burundi Thadee Ndikumana

Leta y'Uburundi itangaza ko muri ico gihugu hamaze kuboneka umuntu umwe yahitanywe n'umugera w'ingwara ya corona.

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwakoresheje urubuga rwa "Twitter" mu kubitangaza kuri uyu mugoroba.

Uwapfuye ni umugabo w'imyaka 41 ari mu bantu babiri bari batoweko ingwara ya covid-19 ku musi wa gatanu w'indwi iheze.

Leta imenyesheje urupfu rwiwe inyuma y'amasaha 24 nyakwigendera ashengeye.

This item is part of
XS
SM
MD
LG