Uko wahagera

USA Yiteguriye Gutanga Doze ya Gatatu y'Urucanco rwa Covid-19


Umwe mu banyagihugu ahabwa Doze ya Gatatu muri Isirayeri
Umwe mu banyagihugu ahabwa Doze ya Gatatu muri Isirayeri

Reta zunze ubumwe z'Amerika ziteguriye guhamagarira abanyagihugu gufata doze ya gatatu y'urucanco rwa Covid-19. Ibitangazamakuru bitandukanye muri Amerika, bivuga ko ino ngingo ikiri mu ntamatama ishobora gutangazwa ku mugaragaro umwanya n’umwanya muri ino ndwi.

Muri Amerika, abanyagihugu benshi baronse incanco zakozwe na sosiye ya Pfizer hamwe na Moderna. Abaronse zibiri zakozwe n’izo soziyete bitegekanijwe ko baronswa iya gatatu inyuma y’amezi umunani bahereye kw’itariki bazironkerejweko.

Abategetsi bari babanje kunana bavuga ko atari ngombwa ko umuntu aronswa doze ya gatatu, basigura ko zibiri zibandanya gukingira uwacandazwe zikanamukingira n’ubwoko bushasha bwa Delta. Ivyigwa bishasha birimwo ivyakozwe na Israyeri vyerekana yamara ko nk’urucanco rwa Pfizer rwagabanije ingene ruhangana n’ubwoko bushasha bw'umugera utera Virusi ya corona bwitwa Delta, na cane cane mu bafise imyaka 50 canke bayirenza.

Doze ya gatatu ata gihindutse izotangwa mu kwezi kwa cenda bimaze kwemezwa n’igisata kiraba ivy’imiti muri Amerika. Sosiyete ya Pfizer yasavye gutanga iyindi doze ivuga ko izohera ku bakozi bakorera mu gisata c’amagara y’abantu n’abageze mu za bukuru. Uwo muce w’abantu ni nawo wafashe iya mbere mu gucandarwa.

Tereviziyo nyamerika, CNN, yatangaje ko abahinga bayisesangurira mu vy’amagara y’abantu bayibwiye ko n’abaronkejwe urucanco rwa Covid-19 rwakozwe na sosiyete, Johnson & Johnson, na bonyene bashobora kuzoronswa doze y’indi: Ino sosiyete ni yo yonyene yakoze urucanco rwa doze imwe rudende.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG