Uko wahagera

USA: Umwanya Wo Kuganira na Maduro Wararangiye


Abanyagihugu barindiriye amakamyo y'imfashanyo z'ibifungurwa n'imiti hafi y'aho zizishingurwa hagati Colombia na Venezuela, italiki 07/02/2019

Intumwa ya Reta zunze ubumwe za Amerika muri Venezuela, Eliot Abrams, avuga ko umwanya wo kuganira na Nicolas Maduro warangiye kera kiretse ko hageze kwumvikana ko ava ku butegetsi.

Abrams yabwiye abamenyeshamakuru ejo kuwa kane ko Maduro afise ibihugu bigenzi nka Cuba n’Uburusiya. Yavuze ko n’ibindi bihugu atavuze amazina vyamaze kwemera kuzomuha ubuhungiro.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abandi banyavenezuela bavuga ko amatora yo muri 2017 yatumweko na Maduro yabayemwo amanyanga.

Hagat’aho, Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n'amakungu bushikiriza ko Amerika yarungitse imfashanyo z’imfungurwa n’imiti hamwe n’ibindi gufasha muri Venezuela kuko vyasabwe na Juan Guaido yitangaje ko ari we mukuru w’igihugu w’imfatakibanza.

Maduro yararungitse abasirikare guhagarika izo mfashanyo ku kiraro kigabura Colombia na Venezuela.

Abadiplomate b’abanyabulaya n’ibihugu vyo muri Amerika y’epfo ejo kuwa kane barakoraniye muri Uruguay bavuga ko ibibazo muri Venezuela bikwiriye gutorerwa umuti hadasesetse amaraso kandi ata banyamahanga babigiyemwo. Bemeza ko abanyavenezuela ari bakwiye kwitorera inyishu ubwabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG