Uko wahagera

Amatora Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika


Ibiharuro biriko biratagwa mu gihe turiko turabashikiriza iyi nkuru, vyerekana ko abanywanyi bo m’umugambwe uharanira Republika bagiye kwigarurira umurwi munini w’ abashingamateka

Umunywanyi w’umugambwe uharanira Republika, Rand Paul, yari ashigikiwe cane n’abanyamerika bahurikiye muri wa murwi mushasha bita Tea Party. Yabaye mu bategetsi ba mbere batsinze amatora yabaye ejo ku musi wa kabiri miri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Uyo munyapoltike yari yitoje ubwa mbere, yatsinze umunywanyi wo mu mugambwe uharanira demokarasi, Jack Conway, mu kibanza ca Senateri aserukira intara yo mu bumanuko bw’intara ya Kentucky. Yiyamaje yiyamirije imigambi y’ubutunzi ya president Obama hamwe n’imigambi yerekeye kwitaho amagara y’abantu.

Mu gihe co kwiyamamaza, umunyapoltike bariko barahiganwa, Jack Conway, yahora ari umushikirizwamanza mukuru mu ntara, yari yagirije Rand Paul ko ari intagondwa.

Uwundi munyapoltike wo mu muhari Tea Party, senator Jim De Mint wo mu ntara ya South Carolina, yaratsindiye ikindi kiringo muri senat.

Yamara uwundi munyapolitike wo mu muhari Tea Party, Christine O’Donnell, yaratsinzwe mu matora y’umusenateri azoserukira intara ya Delaware. Akaba yatsinzwe n’umugambwe uharanira demokarasi, Chris Coons.

Ibiharuro biriko biratagwa mu gihe turiko turabashikiriza iyi nkuru, vyerekana ko abanywanyi bo m’umugambwe uharanira Republika bagiye kwigarurira umurwi munini w’ abashingamateka. Yamara ngo bashobora kutoroherwa muri Senat. Mur’iki gihe abo mu mugambwe uharanira demokaras nibo bahora bagize umurwi munini muri Senat hamwe no mu nama nshingamateka.

XS
SM
MD
LG