Ibiro vy'umukuru w'igihugu muri Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, White House, birategekanya gutegeka abakozi ba Reta kwerekana ko bacandazwe umugera wa Corona. Bitabaye uko bakama batanze ivyemezo vy'uko bipimishije uwo mugera kandi bakama bambaye agafukamunwa igihe cose bibaye ngombwa.
Umwe mu begereye ibiro vya Prezida Joe Biden yahaye ano makuru Ijwi ry’Amerika ariko ntashime ko amazina yiwe atangazwa yavuze ko igishusha nk’itegeko ryo gucandarwa ku bakozi ba Guvernema y’Amerika ari imwe mu mpinduka zerekana amakenga n’ubwoba bw’ubwoko bushasha bwa Virusi ya Corona bwitwa Delta.
Izi mpinduka zikaramuka zemejwe, zizoshirwako ku bakozi bose ba Guvernema y’Amerika, baba abakorera aho umugera wa Corona urwiriye, baba abakorera aho utagwiriye. Atagihindutse, ni impinduka bitegekanijwe ko zitangazwa ku mugaragaro muri ino ndwi nkuko isoko ryo mu biro vya Biden ribandanya kubivuga.
Ubushikiranganji bubarizwamwo abakukuruke mu vya gisirikare ku wa mbere bwabaye igisata ca mbere ca Guvernema gitegeka incanco ku bakozi baco bakorera mu vy’amagara y’abantu.
Hagati aho, ikigo kijejwe gukingira no gukumira ibiza muri Amerika caraye gisubijeho amategeko yo kwambara udufukamunwa mu bice bigwiriyemwo ikiza ca Corona. Ni amategeko yega n’abamaze kwicandagisha.
Facebook Forum