Uko wahagera

USA: Bane Bahitanywe n'Amasasu Yakomerekeje Batanu i New York


Polisi yo mu gisagara ca New York muri Reta zunze Ubumwe za Amerika itangaza ko abantu bane bahitanywe n’amasasu yakomerekeje batanu mu gatondo k’uno wa gatandatu.

Nta makuru atomora uburyo abo bantu barashwe n’abakekwwa kuba babikoze arashobora kumenyekana. Gusa, umwe mu bategetsi ba polisi yo muri New York yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko abarashwe barasiwe muri karitiye yitwa Brooklyn mu micungararo y’ahari inzu y’ubutambiro.

Bimwe mu bitangaza makuru bikorera muri Amerika bivuga ko batanu bakomeretse ari indembe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG