Uko wahagera

USA: Abakozi b'Ibitaro 2 Barenga 200 Bacandazwe Banduye Corona


Ivuriro rya Zuckerberg riri muri abiri avugwamwo ubwandu mu bakozi bacandazwe muri San Francisco
Ivuriro rya Zuckerberg riri muri abiri avugwamwo ubwandu mu bakozi bacandazwe muri San Francisco

Abakozi barenga 200 bo ku bitaro bibiri biri mu bikomeye mu gisagara ca San Francisco giherereye mu burengero bwa Reta ya Californiya aha muri Reta zunze ubumwe z’Amerika basanganywe ubwandu bwa Virusi ya Corona.

Ikinyamakuru co muri Amerika The New York Times catangaje ano makuru kivuga ko abanduye bose bari baracandazwe ijana kw’ijana uno mugera. Abenshi muri bo bafise ubwandu bw’ubwoko bushasha bukaze bwitwa Delta.

Muri abo barenga 200, babiri gusa ni bo binjijwe ibitaro. Uwutwara abakozi kw’ivuriro ryitwa Zuckerberg riri muri abiri avugwamwo ubwo bwandu yavuze ko iyoba batacandazwe, hari kuba benshi baremba.

Kaminuza ya Johns Hopkins ifise icicaro mu gisagara ca Baltimore kiri muri Reta ya Maryland aha muri Amerika akaba ari nayo itanga amakuru y’ivy’ubwandu bwa Corona ku mwanya ku mwanya yavuze ko kugera ino saha abafise ubwandu bw’iyi virusi kw’isi yose bababa imiriyoni 198, abo imaze guhitana bakaba imiriyoni 4 n’ibihumbi 200.

Reta zunze ubumwe z’Amerika iracari imbere mu bwandu no mu mfu ziterwa n’uyo mugera: Abanduye ni imiriyoni zababa 35, abo umaze guhitana bakarenga ibihumbi 610.

Amwe muri ano makuru Ijwi ry'Amerika riyakesha itororokanirizo ry'amakuru y'abanyamerika AP, iry'abafaransa AFP, n'iry'abongereza Reuters.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG