Uko wahagera

USA: Imiriro Iri muri Califoniya Ishobora Kwiyongera Kubera Imiyaga


Abarwanya imiriro babandanya kuzimya imbeya mu bice 25 bitandukanye muri Reta ya Californiya. Abajejwe kurwanya imiriro bagera ku 14000 bari muri ico gikorwa muri iyo Reta imaze gutakaza hegitari 890000 zihitanywe n’imiriro yiyadukije.

Abategetsi bagabishije ko imiyaga ikomeye uno musi ku wa gatatu ishobora kwongereza inguvu z’iyo miriro imaze gutandukira ibice bitari bike. Ni mu gihe ubushuhe bukomeye buriko burangwa muri iki gihe mu bice vyo mu burengero Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Imwe mu miriro ikomeye mu buryo bitari bwaboneke mu mateka ya Reta ya Californiya yaranzwe mu karere ka San Francisso Bay. Ivyo naho yashoboye kurwanya bihagije muri rusangi inyuma yuko yatse mu kiringo c’indwi zitatu.

Mu musi mikeyi irangiye, indege za kajugujugu zaratabaye abantu amajana n’amajana bari bafatiwe mu mashamba ari mu bice vyo hagati muri Californiya. Inyubakwa 365 zararigiswe n’imiriro harimwo amazu 45.

Abahinga mu vyerekeye ikirere bavuga ko imiyaga irimwo ubushuhe uno musi ku wa gatatu ishobora kugira umuvuduko urenga ibilometero 80 kw’isaha iza kwibonekeza mu bumanuko bwa Reta ya Californiya aho imiriro yaranzwe mu bice vya Los Angeles, San Bernardino na San Diego.

Iyo miriro yatumye abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi bava mu ngo zabo. Imiriro kandi iriko irabica bigacika mu ma Reta ya Washington na Oregon mu burengero bwa Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG