Uko wahagera

US: Intagondwa Zigaruriye Inyubakwa ya Guverinoma


Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, umugwi w’abanyagihugu bitwaje ibigwanisho wafashe inyubakwa ya reta muri reta ya Oregon iri mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu kuva ku musi wa gatandatu. Uwo mugwi utangaza ko uguye kuyigumamwo.

Umukuru w’uwo mugwi asaba irekugwa ry’aborozi babiri bongerejwe ibihano mu munyororo bari barahawe kubera baturiye amashamba amwe amwe ya reta. Umukuru w’uyo w’abitwaje ibigwanisho yongera asaba ko abaorozi basubizwa amatongo batwawe na reta.

Dwight Hammond n’umuhungu wiwe Steven, baremera ko aribo baturiye amatongo ya reta, ariko ko vyabaye mugihe bariko baraturira imirima yabo bagerageza kwirukana udukoko twarya ibitegwa bimwe bimwe, umuriro uhava waduka no mumatongo ya reta.

Bompi bari bamaze kumara amezi atari make mu munyororo kurico caha co guturira amatongo ya reta, yamara umucamanza yasohoye itegeko ko basubira mumunyororo ku musi wambere, mu kindi kiringo c’imyaka ine, yongereye kugihe bari basanzwe bamaze mu munyororo, avuga ko umwanya bamaze bapfunzwe utari ukwiye.

XS
SM
MD
LG