Uko wahagera

Urwanda Rwaributse Imyaka cumi n’umunani Irangiye Habaye Ihonyabwoko ry’Abatutsi.


Kwibuka imyaka cumi n’umunani irangiye iryo honyabwoko ribaye vyabereye kuri Stade Amahoro mu gisagara ca Kigali no mu mihana yose y’Urwanda

Urwanda rwaributse imyaka cumi n’umunani irangiye ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi ribaye. Kwibuka imyaka cumi n’umunani irangiye iryo honyabwoko ribaye vyabereye kuri Stade Amahoro mu gisagara ca Kigali no mu mihana yose y’Urwanda.

Ngaha I Washington DC, Abanyarwanda bavuye mu bice bitandukanye vyo mu karere ko muri Amerika yo mu Buraruko bahuriye ejo ku musi wa gatandatu kw’ishule kaminuza ya Georgetown kugira bibuke imyaka cumi n’umunani irangiye iryo honyabwoko ribaye.

Uno musi ku w’Imana baza kugira urugendo rw’ukwibuka abahitanywe n’ihonyabwoko mu kibanza citwa, "The National Mall" i Washington DC.

XS
SM
MD
LG