Uko wahagera

Urwanda Ruriyamiriza Raport Yashikirijwe n’Ishirahamwe Mpuzamakugu Rijejwe Kwubahiriza Agateka Ka Zina Muntu.


Inyuma y’aho ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bisohoreye raport ivuga kw’Urwanda rushobora kuba rufasha imirwi yitwaje ibigwanisho mu buseruko bwa Congo irwanya reta ya Congo, kandi ngo rwangurutse imisore igwana ku ruhande rw’iyo mirwi, ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu Human Rights Watch, naryo nyene, riherutse gushikiriza ibirego nk’ivyo.

Nk’uko Urwanda rwari rwiyamirije iyo raport y’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu, rwaraye rwiyamirije kandi n’iyo raport y’ishirahamwe Human Rights Watch. Umushikiranganji w’Urwanda ajejwe imigenderanire Louise Mushikiwabo, avuga kw’ishirahamwe Human Rights Watch ryasubiye kwambika ibara igihugu ciwe, mu gukwiragiza amakuru y’igihuha: Reka tumwumvirize mu kiganiro yahaye Frederic Nkundikije, aho avuga kw’Urwanda ata ruhara rufise mu mutegkano muke urangwa mu buseruko bwa Republika ya Congo iharanira Demokrasi.

XS
SM
MD
LG