Uko wahagera

Urunani RNJ+ Rurafasha Iki Abaruhurikiyemwo?


Uguhurira mu mashirahamwe y’abagendana umugera wa sida birafasha abayahurikiyemwo. Abanywanyi b’urunani RNJ+ rugira rumare imyaka 15 rubayeho, bararenga amajana atanu.

Baremera ko hari kinini bungutse kuva baruhurumbiye, na cane cane ko basanze bose hariho ibibazo bibahuza. Gutyo bahana inyigisho hamwe n’impanuro zikenewe.

Urwo runani ruhurikiyemwo urwaruka rwo mu mihingo yose y’igihugu c’Uburundi. Intumbero yari kugira baganire ibijanye n’amagara yabo. Bemeza ko hari vyinshi bahungukiye, cane cane gutinyuka bakavuga ivyabo.

Baratunganya amanama kenshi, bagashobora n’ukuganira imigambi ya kazoza nk’uko bavyiganiye umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika uri mu Burundi,

Ni inkuru y'umumenyeshamakuru Francine Ndihokubwayo uri i Bujumbura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG