Uko wahagera

Urujijo ku Masasu Yumvikanye mw'Ikambi ya Gisirikare muri Mali


Amukuru ashikirizwa n’abajejwe umutekano hamwe na ambassade y’igihugu ca Norvege avuga ko abasirikare bashobora kuba batanguye kugumuka muri Mali.

Abanyagihugu bo muri iyo micungararo bemeje amakuru avuga ko inkoho zumvikanye mw'ikampi yitwa Kati, iri ku birometero 15 vy’umurwa mukuru Bamako. Iyo kampi yarigeze kubamwo imigumuko mu mwaka 2012 yahavuye ivamwo kudeta.

Ayandi makuru atangwa n’amashirahamwe ategamiye reta akwirikiranira hafi ibibazo vy’umutekano, avuga ko inkoho zasanye kandi hafi y’ikirimba c’umushikiranganji wa mbere.

Abagwanya intwaro ya Prezida Ibrahim Bubacar Keita baratanguye imyiyerekano kuva mu kwezi kwa gatandatu, basaba ko atanga imihoho kubera yananiwe kugarukana umutekano no gutuza ruswa.

Ishirahamwe mpuzamakungu hamwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu bitangaza ko abantu bashika 14 bamaze kugwa muri iyo myiyerekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG