Uko wahagera

Uruhigi rw'Abahuza Ibitsina Babisangiye muri Uganda


Umuganda ahuza igitsina n'uwo bagisangiye yahungiye muri Amerika kubera ihohoterwa yakorewe.
Umuganda ahuza igitsina n'uwo bagisangiye yahungiye muri Amerika kubera ihohoterwa yakorewe.

Mu gihugu ca Uganda, inyubakwa ibamwo ababirana basangiye igitsina, yatewe n’abaporisi, bahagarikamwo 20.

Umukuru w’ishirahamwe ry’ababirana basangiye igitsina mu gihugu ca Uganda yatangaje ko abantu 20 barihurikiyemwo bahagaritswe n’abaporisi binjiye ku nguvu mu nyubakwa bari bakoraniyemwo.

Abapolisi babagiriza ko batubahirije ingingo zibuza abanyagihugu gukoranira mu kibanza kimwe ari benshi.

Frank Mugisha arongoye iryo shirahamwe, uyu musi ku wa gatatu, yavuze ko vyigaragaza ko bahowe umurwi barimwo n’imico bagenderako, ngo kanatsinda si ubwa mbere abari muri uyo murwi, bahagarikwa.

Gushika ubu, abaporisi ntaco baravuga kuri ivyo birego. Yamara muri iki gihe barabandanya guhimiriza abanyagihugu kwubahiriza ingingo zafashwe na Prezida Yoweri Museveni n’ukugenzura ko ziriko zirubahirizwa, mu ntumbero yo kugabanya ikwiragizwa ry’umugera wa Corona.

Muri Uganda hamaze kuboneka abantu 44 bafise umugera wa corona, kandi benshi muri bo bawanduriye hanze y’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG