Uko wahagera

Uruhagarara Muri Libiya, Siriya Na Yemeni


Uruhagarara Muri Libiya, Siriya Na Yemeni
Uruhagarara Muri Libiya, Siriya Na Yemeni

Inteko za reta y’ igihugu ca Libya ejo zarateye igisagara ca Misrata kani icegera c’ umushikiranganji ajejwe imigenderanire Khaled Kaim yari yavuze ko igisirikare kiriko kirahagarika ibitero I Misrata, kugira ngo kireke abantu bo mur’ ico gisagara bari mu bwoko bwa Gadhafi abe aribo batwara ibice vyo mur’ ico gisagara vyari mu minwe y’ inteko za Gadhafi.

Umwe mu bategetsi b’ umuhari w’ abagwanyi utavuga rumwe na reta, mu kiganiro yatanze kuri television, yavuze ko atiyumvira ko imigwi

y’ abantu bo mu bwoko butandukanye I Misrata izogwana. Ati bamwe mur’ abo bantu bo mu bwoko bwa Gadhafi bafitaniye ubucuti na reta ya Gadhafi, yamara ngo benshi muri bo ntibavuga rumwe na Gadhafi kandi ngo ntibazogwana.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika bwatangaje ko hirya y’ ejo kuwa gatandatu har’ indege ya Amerika yakoze igitero muri Libya.

Mur’ ico gihe mu gihugu ca Yemeni, abantu ibihumbi n’ ibihumbi barabandanije kugira imyiyerekano biyamiriza umukuru w’ igihugu cabo Ali Abdallah Saleh, hari haciye umusi yemeye umugambi w’ ibihugu vy’ abarabu usaba ko butegetsi vuba.

Mw’ ijambo yashikirije ejo ari kw’ ishure kaminuza muri Yemeni, presida Saleh yaragirije abamugwanya ko bariko baragerageza gutera akajagari mu gihugu.

Soldiers hold back supporters of Yemen's President Ali Abdullah Saleh during clashes with anti-government protesters in the southern city of Taiz, Apr 22 2011
Soldiers hold back supporters of Yemen's President Ali Abdullah Saleh during clashes with anti-government protesters in the southern city of Taiz, Apr 22 2011

Presida Saleh yavuze ko inyifato y’ abamugwanya yatumye iterambere ry’ igihugu mu butunzi rihagarara muri Yemeni. Yavuze ko abantu bamugwanya bashaka gusesa amaraso mu gihugu, ko bashaka gutuma haba ingwano, ngo mu gihe we yiyamiriza ubwicanyi.

Abanyepolitike bo muri Yemeni n’ intumwa z’ ibihugu vy’ abarabu zari mu biganiro vyo kwihweza ikibazo ca Yemeni, bavuga ko presida Saleh yemeye umugambi w’ ivyo bihugu umusaba kuva ku butegetsi mu kiringo c’ imisi mirong’ itatu inyuma yaho amasezerano azopfundikwa hagati ya presida Saleh n’ abamugwanya.

Mu gihugu ca Siriya naho, inyuma y’ imisi iheze inteko za reta zikora ibitero ku banyagihugu b’ abasivire, abashingwamategeko bo muri Amerika bavuga ko reta zunz’ ubumwe za Amerika zikwiye gushigikira cane kurusha abariko bagwanya presida Bashar al-Assad muri Siriya.

Senateur Richard Blimenthal ari mu mugambwe w’ aba Demokrate yavuze ko yizeye ko muri Siriya ibintu bizoba nk’ uko vyangenze mu Misiri, aho Hosni Mubarak yavuye ku butegetsi ata nteko zo mu mahanga zirinze kujayo ngo nkuko bimeze mur’ iki gihe muri Libya.

Abashingwamategeko bamwe bo muri Amerika barasaba bashimitse ko Amerika ikora ibitero bikomeye kurushiriza muri Libya kugira ngo intwaro ya Gadhafi iveho.

XS
SM
MD
LG