Uko wahagera

Kenya: Amatora Ariko Atera Uruhagarara mu Banyepolitike


Prezida Uhuru Kenyatta wa Kenya
Prezida Uhuru Kenyatta wa Kenya

Muri Kenya havugwa uruhagarara mubanye politike, mu gihe hasigaye ikiringo c’amezi umunani ngw’amatora y’Umukuru w’Igihugu atunganywe. Urwo ruhagarara gwagaragaye inyuma y’inama idasanzwe yahuje abashingamateka, aho bari bahuye mu ntumero yo kuvugana kuvyohinduka mw’itegeko rigenga amatora.

Ikibazo kijanye n’uburyo umugwi ujejwe amatora woyatunganya nico kiriko kirigwa n’abanyepolitike. Mu kwezi kw’icenda bakaba barashinze ingingo zizogenga amatora, inyuma y’iminsi itari mike bariko basaba ko abanyamabanga b’uwo mugwi batanga imihoho.

Kur’uyu wa kabiri, inyuma y’inama idasanzwe yahuje abashingamateka, abatavuga rumwe na Reta batangaje ko ibiri mur’izo ngingo ar’ivyorohereza urunani rw’imigambwe iri k’ubutegetsi. Abashingamateka bakomoka mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi babanje kwugariza inyubakwa mu kiringo c’amasaha abiri.

Samuel Chepkonga, arongoye umugwi ujejwe ubutungane mu nama nshingamateka amenyesha ko izo ngigo zasubiwemwo bisabwe n’umugwi ujejwe gutunganya amatora ubwawo. Iyo nama yarangiye ataco ishitseko. Iyikurikira ikaba itegekanya kuba mu kwezi kwa mbere kw’umwaka utaha, itariki ya mirongo ibiri na zine.

XS
SM
MD
LG