Abona ko mu Burundi inyuma y’imyaka 14 hashinzwe igipolisi kidasanzwe co ku gwanya igiturire, akarusho kibonekeza. Kubona naho aja muri izo nzego arizera ko Uburundi buzohungukira vyinshi. Inkuru dushikirizwa na Désiré Hatungimana.
Jean Claude Bizimana ni umuyobozi ajejwe amategeko mu gipolisi kidasanzwe kijejwe kurwanya ibiturire mu Burundi aherutse gutorwa mu nama y’abashikiranganji b’imigenderanire y’Ubumwe bwa Afirika mu ba komiseri 11 bajejwe kugwanya igiturire muri Afirika.
Uwo mupolisi amaze imyaka 14 muri ako kazi amenyesha ko ku gwanya igiturire mu Burundi vyagiye biratera intambwe iboneka ubu akaba ashima aho Uburundi bugeze.
Mw’ishirahamwe rijejwe kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya reta OLUCOME siko babibona. Gabriel Rufyiri arirongoye amenyesha ko ico gipolisi kidasanzwe ataco camariye Uburundi n’Abarundi.
Gabriel Rufyiri rero yorema kuko Jean Claude Bizimana amenyesha ko itorwa ryiwe rizotuma hari ibihinduka bigatuma ivyo batari bwashikeko bija mu ngiro.
Kugira vyose babishikikeko, Jean Claude Bizimana arerekana ibitegerezwa guhinduka muri ico gipolisi.
Icegeranyo ca Transparency International, ishirahamwe mpuzamakungu ryerekana uko igiturire cifashe mu bihugu 180 vyo kw’isi vyifashe co kw’igenekerezo rya 29 z’ukwezi kwa mbere uno mwaka turimwo cerekana ko Uburundi buri mu kibanza 165 mugihe ico gipolisi kidasanzwe cashingwa icegeranyo c’iryo shirahamwe casohotse itariki 25 ukwezi kwa mbere umwaka 2017 cerekana ko Uburundi bwari mu kibanza ca 159.
Facebook Forum