Uko wahagera

Urugendo rw’Umushikiranganji w’Uburusiya Ajejwe Imigenderanire mu gihugu ca Syria


Urugendo rw’Umushikiranganji w’Uburusiya Ajejwe Imigenderanire mu gihugu ca Syria
Urugendo rw’Umushikiranganji w’Uburusiya Ajejwe Imigenderanire mu gihugu ca Syria

Television y’igihugu ca Syria yarerekanye amasanamu y’imodoka zikwirikirana ziherekeje umushikiranganji w’igihugu c’Uburusiya ajejwe imigenderanire, zishitse ku murwa mukuru Damas, aho abantu isinzi bari baje kumusanganira.

Amakuru atangazwa avuga kw’abo bantu bangana umuliyoni. Abatavuga rumwe na reta, basa n’abatamera kw’ayo masana yari amasana y’ukuri, bakaba bavuga kw’ayo masanamu yahinduwe, kugira ngo yerekeye isinzi ry’abantu, kandi atari vyo.

Abanyagihugu bashigikiye reta, bari bafise amabendera y’igihugu c’Uburusiya, igihe umushingantahe Lavrov yariko ararengana, mu gihe abandi bari bafise amafoto ya president w’igihugu ca Syria.

Abantu bavyiboneye kandi ejo ku musi wa kabiri, bavuga kw’abasirikare ba reta, bariko baramijagira amabombe mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Homs, ku musi ugira gatanu, bikwirikiranya. Bimwe mur’ivyo bice vy’igisagara ca Homs, biri mu minwe y’abagwanya ubutegetsi.

Inyuma y’aho arangirije inama na president Assad ku murwa mukuru Damas, umushikiranganji w’igihugu c’Uburusiya ajejwe imigenderanire Lavrov, yabwiye abamenyeshamakuru ko yariko aragerageza kurondera inyishu z’uruhagarara ruri mu gihugu ca Syria, yisunze umugambi washikirijwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’abarabu. Uyo mugambi usaba ko hatunganywa reta y’ubumwe, mu gikorwa coba gihagarikiwe na vice president, maze mu nyuma hagaca haba amatora y’umukuru w’igihugu hamwe n’amatora y’abashingamateka.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Uburusiya, yaratangaje kandi ko president Assad yiteguriye kugira ibiganiro n’imirwi yose ya politike yo mu gihugu ca Syria. Yavuze kw’umushingantahe Assad, yiteguriye kandi guhagarika ubwicanyi, aho buva hose.

XS
SM
MD
LG