Uko wahagera

Urudandazwa rwa Magendu ku Nkengera za Tanganyika mu Burundi


Ikivuko co ku kiyaga Tanganyika ku ruhande rwa DRC
Ikivuko co ku kiyaga Tanganyika ku ruhande rwa DRC

Ibitenge birenga 600 n’amakarato y’ibinyobwa njabukamazi vya magendo vyafashwe mu bucagucagu bw’uno wa mbere ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika mu Burundi. Ivyo bidandazwa vyerekanywe ku mugaragaro n’umukomiseri mukuru w’ikigo OBR.

Umukuru w’ikigo OBR yatangarije abamenyeshamakuru ku muhingamo w’uno wa mbere ko ivyo bidandazwa vyafatiwe ku rugomero ruri muri karitiye kibenga ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika. Komiseri mukuru wa OBR, Audace NIYONZIMA, akavuga ko aho ari ho vyari bisanzwe bishikanwa n’ubwato buvuye mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira demokarasi ya kongo.

Uwo arongoye ikigo gitoza amakori n’amatagisi yabwiye abamenyeshamakuru ivyafatiwe ng’aho mu kibenga, ariko nyene ivyo bidandazwa vyo mu kinywabi akavuga ko batashoboye kumushirako amaboko.

Ikigo OBR gisigura kandi ko urudanzwa rwo mu kinywabi ku rubibe rwa Congo n’Uburundi vyibonekeza ko rwiharijwe n’ibitenge. Ico kigo cegeranya amakori n’amatagisi ku rwego rw’igihugu gitera akamo abatware n’abatwarwa gufasha kudomako urutoke urwo rudandazwa rwa magendo.

Aho ni mu gihe aberekanye ahacishwa urudandazwa rwo mu kinywabi bahabwa agashirukabute kangana na 10 kw’ijana y’amatagisi yategerezwa gutangishwa ivyo bidandazwa biba vyafashwe. Ivyo bidandazwa vyafariwe mu gisagara ca Bujumbura inyuma y’amasaha 36 hafashwe ibindi bidandazwa vyo mu kinywabi ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG