Abacamanza bo muri Congo-Kinshasa bavuga ko uno musi ku wa mbere, batanguye itohoza ry’intangamarara, k’umugwa mukuru w’intara ya Goma. Bamenyesheje ko Mukala yavuze ko atazi uwashizwe muri iyo jipe imifuko 24 y’ubutare yari atwaye.
Mukala n’umukozi aturuka muri ako karere, mugabo akaba akorera abasirikare ba ONU bacungera umutekano muri Congo-Kinshasa-MONUSCO.
Umuvugizi wa MONUSCO, Madnodje Mounoubai, yatangaje ko uwo mushoferi atari afise insiguro zikwiye, zemeza ko yari afise uburenganzira bwo kuba afise uwo muduga wa ONU, muri ayo masaha yo mw’ijoro. Madnodje amenyesha ko ugwo gwego gwa ONU rujejwe gucunga abanyuruza ubutare bwa Congo-Kinshasa, bakaba rero batokwihanganira abafise ako kageso. Madnodje yamenyesheje kandi ko bakorana n’abategetsi ba Congo, kandi ko muri MONUSCO buguruye idossier itohoza iyo nyifato iteye kubiri n’amategeko agenga akazi kabo.
Uwo mu shoferi yafashwe ari kumwe n’umuntu umenga babizinanyimwo, ariko adakora muri ONU.
Mu bisanzwe, inkuru zo mu karere zimenyesha ko imodoka za reta zidakontororwa igihe ziciye ku mbibe.
Akarere ko m’ubuseruko bwa Congo Kinshasa kagwiriyemwo ubutare bwa kopper, cobalt, cassitterite, n’ubundi butare bukomeye. Kuva mu myaka ya mirongo 90, Reta ya Congo-Kinshasa n’imigwi itandukanye yamye itana mu mitwe, mu migambi yo kwigarurira uturere tugwiriyemwo ubutare, n’amahera avuyemwo.
Ingwano zavuyemwo zakwegeye abanyagihugu ubukene bwinshi n’ingorane zavumyemwo ubwicanyi. Abanyagihugubo muri ako karere baridogera iryo shirahamwe, bavuga ko ritarangura akazi rejejwe ko kubakingira.